Scroll to Top

Diamond Platnumz buca yugurura Tv na Radio muri Tanzania

By KING YANN COOL / Published on Monday, 15 Jan 2018 15:48 PM / /

Hampande y’ikaranga, Parfum, n’ukugurisha umuziki, Diamond buca yugurura Tv na Radio.

Inyuma y’ukwugurura urubuga rwa “Wasafi.com” rugurisha umuziki, akugurura umurongo wa “Chibu Perfume”, Diamond Platnumz ngo buca yugurura Insamirizi hamwe n’imboneshakure vy’inzu yiwe wasafi. Aho ni mu gihe ibiyoba “Diamond Karanga” ari rya nawe muri kano karere.

Amakuru dukesha ikinyamakuru co muri Kenya, avuga ko uwo muririmvyi yamenyesheje ko buca bahindura inzu basanzwe bakoreramwo, Headquarter. Iyindi nzu ngo ni nini, binavurwa ko yamaze kurihwa ariko isigajwe kwinjirwa gusa.

Diamond akaba aharurwa mu baririmvyi b’urunganywe rushasha muri Ico gihugu, akaba abaye uwa mbere akoze ibikorwa bikomeye kandi vyinshi mu mwanya muto.

5,185 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment