Scroll to Top

Basketball:Urunani BBC ruramutswa uburongozi bushasha.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 16 Jan 2018 13:57 PM / /

Umwe mu migwi ikomeye hano mu gihugu c’uburundi ndetse no mu karere ka gatanu muri Afrika y’Ubuseruko mu rukino rwa Basket Ball, Urunani BBC waraye uronse inzego nshasha.

Kuva ku wa 14 Nzero uno mwaka , Nepomucène Sindayihebura. niwe agiye gusubirira Pierre Claver Baregeranye yararongoye umugwi w’Urunani mu kiringo kirekire c’imyaka icumi aho , anawushikana ku ntsinzi zikomeye cane harimwo ibikombe bibiri vy’akarere ka gatanu (2011-2013).

Imwe mu migambi y’uwugiye kurongora Urunani BBC, yashize imbere  harimwo cane cane “ukurondera ikibuga bwegu c’imyimeyerezo y’uwo mugwi, gukorana bikomeye n’abakunzi b’umugwi kuko bo bamaze kwitunganya, gukwirikirana abakinyi  mu mashure yabo mu kubarihira amashure”. 

Abagize  akanama nyobozi gashasha rero akaba ari :

  • Umukuru  w’Umugwi: Nepomscne Sindayihebura
  • Icegera: J Claude Nzigamasabo 
  • Umunyamabanga: Magnus
  • Icgera c’umunyamabanga: Magayane
  • Umushinguzi: Adolphe Niyongabo
  • Icegera c’umushinguzi: Clement
  • Umumyobozi muhinga: Alexis Hakizimana
  • Igisata kijejwe ugukurikirana n’ugutororokanya abakinyi  bashasha : Alexis Hakizimana- Higwa Blaise- Aoron Kagabo- Sindaygaya Fabrice Funy
  • Igisata kijejwe ugufashanya n’imigenderanire ” Innocent – Lucien – Fortuna.

Uno mushingantahe agiye kurongora umugwi w’Urunani BBC, akaba atari mushasha muri Basket Ball hano mu Burundi, kuko mu mwaka wa 2007-2011, ariwe yari arongoye ishirahamwe ry’urukino rwa BasketBall hano mu Burundi ( FEBABU)

2,534 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment