Scroll to Top

# Urwevu| Ukabikora kuno nyene babihanura, uzobona ibitangaro

By Indundi Staff / Published on Friday, 19 Jan 2018 17:48 PM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Ababiciye irya n’ino, bamenyesha ko burya abantu badashika kure biba bivanye n’uko bataba barahagarara ngo bafate ingingo y’ugushika kure. Ibi rero bifatanye na vyabindi abahinga bama nta ntaryo baduhanura bati yereka icare mutegekanye kazoza mubicishije mu nyandiko.

Kora inguvu ugire ikintu kimwe nyamukura ( Major Goal) wifuza kuba muri kazoza , maze ucumireko nk’ikibugu

Niwaba ugeze ku kiringo uzi neza ico ushaka kuzoba muri kazoza. Ukaba warashoboye kucandika maze ukaba wama ukigarukako buri musi; nimba ugeze ku kiringo ushobora kubona iyo sanamu mu mutwe ata gasembwa karimwo…, aho woheza mbere ukaba urishima kuko wamaze gukira! Wokwishima kuko burya uri mu bantu bake kuko abahinga bagereranya ko abantu babaho bafise inzira zabo z’ubuzima zanditse ngo ari ibice bitatu gusa kw’isi( 3%).

Guma ukigarukako woye kwibagira

Aha abahinga bamenyesha ko atakwiha agahengwe. Umwanditsi Brian Tracy ahanura ko kugira agatimatima ko mu bwonko bwawe( Subconscient) gatebe kanyengeterwe maze ukwo gushaka gutebe kugahindure , kamaze kuvyemera gaheze kabishikako.  Aha rero , ahanura ko buri mu gatondo wotora urupapuro rwera, ukandika italiki y’uwo musi hejuru, maze ukandika mu ndome nini ico cifuzo cawe. Ubihejeje, ca rero wiha kwandika ibintu vyose wibaza utegerezwa gukora kugira ubishikeko. Wandike ibishoboka vyose yamara ntuje musi n’ibishika 20.

Ivyo rero woheza ukabigira incuro nyishi zibaho gushika aho bimata mu bwonko, maze ugasanga bitanguye kwiserura mu ngiro vyonye . Mu gihe agatimatima ko mubwonko bwawe kamaze kunyengetera bikwiye, uzobona ibintu bimeze nk’ibitangaro. Ibintu vyinshi bizokwishira ku murongo kugira ivyifuzo vyawe bikunde. Uzobona abantu biyadukiza ngo bagufashe, uzobona ibitangaro.

Fata uwo mugambi guhera uwu musi, ubandanye n’umwete n’ubwira uzoza kubona mu nyuma ubuzima bwawe buhinduka

 

 

 

7,345 total views, 0 views today

Add Comment