Scroll to Top

#Urwevu| Ntugatangure umusi utawutunganije

By Indundi Staff / Published on Friday, 02 Feb 2018 02:27 AM / /

 

Ugutangura umusi utawutunganije, ntaho ngo bitaniye n’ukurutamwo inda. Aha nk’uwogereranya rero umusi n’uruzi, iyo ngo uwutanguye utawutunganije, biba bisa nk’uwitaye muruzi ati reka ndaza kugira ivyo nkora nshitseyo.

Abahinga bamenyesha rero ko iyo utanguye umusi ufise urutonde rw’ivyo utegerezwa gukora, biheza bikagufasha mbere ngo ugasanga urongereje umwimbu  ku rugero rungana ibice 25 kw’ijana.

Igihe rero ciza c’ugutegura urutonde rw’ivyo ukora ngo ni mw’ijoro rishira uwo musi. Umaze kubitegekanya rero ngo ukaja kuryama weretse ka gatimatima ko mubwonko ivyo ushaka, karaheza mu kiringo usinziriye kagaca kaba karabihinyanyura maze kenshi na kenshi ngo ugasanga bukeye birakworoheye cane kurusha .

Ababishoboye rero mbere vyiza ngo baca baba barategekanya urwo rutonde bugingo hageze ku mugoroba, maze bagafata akanya bagakurikiranya ibikorwa bahereye kuco babona cihuta kandi c’akamaro , bagakurikizako ibindi ukwo nyene.

Burya rero ugiye kuryama niho abahinga kandi bahanura ko woheza ugasoma urwo rutonde maze ugaca wiryamira, ukareka agatimatima ko mu bwonko ariko twebwe mpwemu( Subconscient) kakarara karakora.

Ca urwevu ubikurikiza uzocir’umugani abandi.

3,687 total views, 0 views today

Add Comment