Scroll to Top

Isekeza ry’ugusigurira abenegihugu ibwirizwa nshingiro rishasha ngo rigeze ku ntambwe ishimishije

By La Rédaction / Published on Thursday, 18 Jan 2018 05:15 AM / /

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu bumenyesha ko Reta y’Uburundi ishimishwa n’intambwe isekeza ry’ugusigurira abenegihugu impinyanyuro y’ibwirizwa nshingiro rishasha igezeko.

    Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu

Nk’uko bibonekera mw’itangazo yashize ahabona kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 18 Nzero uwu mwaka, umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’inyigisho zo gukunda igihugu, Pascal Barandagiye amenyesha ko Reta y’Uburundi ishimishwa n’aho isekeza ry’ugusigurira abenegihugu impinyanyuro y’ingingo ziri mw’ibwirizwa nshingiro rishasha igeze gushika ubu.

Nayo mu vyegeranyo biva mu ntara hagati no mu makomine, ngo biragaragara neza ko abenegihugu baguma barushirizaho gutahura impinyanyuro nshasha z’iyo nteguro y’ibwirizwa nshingiro rishasha.

Umushikiranganji Barandagiye aboneraho kumenyesha abenegihugu ko ikiringo c’uguhimiriza abenegihugu gutora EGO canke OYA kw’iryo bwirizwa nshingiro rishasha ko kitaragera kizoheza kigashikirizwa n’umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI kuko ariwo ubifitiye ububasha.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu burangiza butera intege abariko barakora iryo sekeza bubasaba kubandanya ico gikorwa c’iteka kugira ngo abenegihugu bamenye ibirimwo hama baze bitorere mu bwigenge ntangere umusi w’amatora.

7,524 total views, 0 views today

Add Comment