Scroll to Top

Murutabose Emedi agiye gukinira Etincelles FC.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 18 Jan 2018 11:13 AM / /

Umusatirizi w’umurundi yahora muri Flambeau de l’Est, Murutabose Hemedi agiye gukinira Etincelles yo mu gihugu c’Urwanda mu cicaro ca mbere. 

Amakuru  duhabwa n’uyu mukinyi nyene aho asanzwe ari mu gihugu c’Urwanda mu gace ka Rubavu, ahasanzwe hakorera Etincelles, yatumenyesheje ko inyuma y’ibiganiro bari bagizemwo iminsi, yumvikanye n’indongozi za Etincelles ko agiye kuwukinira mu kiringo c’imyaka ibiri.

” Ubu tuvugana ndi umukinyi wa Etincelles, twamaze guheza kuvugana, bampaye amasezerano y’imyaka ibiri, namaze gutangura imyimenyerezo mu bandi bakinyi. Nkaba nshima uko nakiriwe n’abakunzi ba Etincelles. “

Uno mukinyi akaba atari irya mbere, aronse umugwi wo mu karere kuko mu mwaka w’2016-2017, yari mu mugwi wa Mbeya City mu gihugu ca Tanzania mu cicaro  ca mbere.

Murutabose Emedi akaba yakinye mu migwi nka Les Guepiers du Lac, Buja City hamwe na LLS4A, akaba yari yarangije igice ca mbere c’ihiganwa muri Primus ( 2016-2017) afise ibitsindo 12 mu mugwi wa  Flambeau de l’Est.

7,859 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment