Scroll to Top

Ishirwa mu ngiro ry’ibwirizwa rijanye n’intererano y’abakozi ba Reta mu matora ya 2020 ngo ritangurana n’uku kwezi

By La Rédaction / Published on Thursday, 18 Jan 2018 19:06 PM / /
                                                                 Umushikiranaganji w’abakozi n’akazi, Felix Mpozeriniga

Ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bwasohoye kur’uyu wa kane waraye uheze, igenekerezo rya 18 Nzero itangazo aho rimenyesha abakozi bose ko bagiye gukatwa amafaranga yo guterera amatora kuva mu mpeera za kuno kwezi kwa mbere.

Muri iryo tangazo, umushikiranaganji w’abakozi n’akazi Felix Mpozeriniga amenyesha ko mafaranga azokatwa ku mishahara y’ibanze ”salaire de base” mu kinyamazuru guhera muri uku kwezi kwa Nzero. Umushikiranganji Felix MPozeriniga akaba amenyesha ko ari mu ntumbero yo gushira mu ngiro ibwirizwa nshikiranganji ryaheruka guterwako umukono n’abashikiranganji babiri aribo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu, Pascal Barandagiye hamwe n’umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta Domisiyano Ndihokubwayo.

3,887 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment