Scroll to Top

Gitoro buca akorana Comedy n’uwuvuye muri amerika

By KING YANN COOL / Published on Friday, 19 Jan 2018 17:06 PM / /

Gitoro ngo buca akorana n’umurundi avuye muri amerika Comedy. Ikazosohoka vuba cane.

Hampande y’abo basanzwe bakorana umwuga w’ugutwenza abantu, umukinyi wa Comedy Gitoro yamenyesheje ko buca akorana na mugenziwe bakora umwuga umwe ariko aba muri amerika.

Uwo mukinyi buca bakorana ngo akaba yitwa Vance, nayo igikorwa buca bakorana bakaba bagihaye izina rya “Aho vyiriwe siho birara”. Uwo mukinyi akaba atabashije kugira vyinshi avuga ku bijanye n’igihe izosohokera.

Mwomenya ko uwo mukinyi yasa n’uwuri mu gacerere, ariko amakuru indundi dufise akaba avuga ko hoba hari uruhererekane rw’amareresi buca ashira ahabona yaramaze imisi akora.

Tagged as:

Add Comment