Scroll to Top

Amasanamu ya Gospel atamenyerewe aha Iwacu

By KING YANN COOL / Published on Friday, 19 Jan 2018 16:45 PM / /

Fofo na Davis bakoze amasanamu y’akaririmbo kabo “Amateka”, ayo akaba atandukanye cane nayo tumenyereye.

Yampinduriye amateka, umunyavyaha mpinduka umwamikazi n’umuherezi.” Ayo niyo majambo yumvikanye mu ndirimbo Amateka yaririmbwe na bamwe mu bagize umurwi Redemption Voice.

Muri ako karirimbo abo baririmvyi bagaruka ku buryo uwo mwami bahimbaza yabahinduriye amateka, batakimeze uko bari imbere.

Ako karirimbo ka Fofo Favie na Davi kakaba kashizwe mu masanamu na Landry SB ubwiwe na Irvin Mulla bakunze kwita Dj Mulla.

Ayo masanamu n’umudiho w’ako karirimbo wakozwe na Floris Pro muri F done it, akaba asa n’ayatandukanye n’ayamenyerewe muri Gospel Music, iyo ikaba iyindi.

Add Comment