Scroll to Top

Iduzwa ry’igiciro c’igitoro ryajanye n’iduzwa ry’ibiciro vy’ukwiyunguruza

By La Rédaction / Published on Saturday, 20 Jan 2018 03:20 AM / /

Mu gihe igiciro c’igitoro cadugijwe kugera ku bice 7,14 kw’ijana, ibiciro vy’ukwiyunguruza canke kwunguruza ibidandazwa hakoreshejwe ingendeshwa haba mu gisaga ca Bujumbura ndetse no mu ntara hagati navyo vyaraye bidugijweko ibice 7 kw’ijana.

Nk’uko vyaraye bishikirijwe mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa gatanu waraye uheze, igenekerezo rya 19 Nzero umwaka w’2018, abashikiranganji : uw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi ; uw’ibikorwa vya Reta, uw’ubutare n’agataka hamwe n’abaserukira amashirahamwe yunguruza abantu n’ibintu, mu gihe igiciro c’igitoro cadugijwe kugera ku bice 7,14 kw’ijana, ibiciro vy’ukwiyunguruza canke kwunguruza ibidandazwa hakoreshejwe ingendeshwa haba mu gisaga ca Bujumbura ndetse no mu ntara hagati navyo vyaraye bidugijweko ibice 7 kw’ijana.

Guhera umusi ryashirwako umukono (ni ukuvuga guhera kuwa 19 Nzero umwaka w’2018), iryo tangazo rimenyesha ko ibiciro vy’ukwiyunguruza bigiye kumera ntya :

-Igiciro c’ukwiyunguruza n’ama bus mu gisagara ca Bujumbura cavuye ku mafaranga 350 kija ku mafaranga 380 ;

-Igiciro c’ukwiyunguruza hagati mu ntara kigiye kwongerwako ibice 7 kw’ijana ku cari kihasanzwe ;

-Igiciro c’ukwiyunguruza mu makaritiye ya Carama, Kiriri, Ruziba, Maramvya, Mirango-rondpoint, Kamesa na Buterere naco nyene congeweko ibice 7 kw’ijana ku cari kihasanzwe.

10,990 total views, 0 views today

Add Comment