Scroll to Top

#indundi | 30 billion Concert ya Davido I Kigali ni vuba cane

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 21 Jan 2018 12:02 PM / /

Davido ngo aritezwe I Kigali mu Rwanda , akazohakorera igiteramo citiriwe indirimbo yiwe nshasha 30 Billion. 

Concert yakoreye Lagos

Mu kwezi kwa Kane ngo niho Davido azoshika I Kigali kuhakorera igiteramo, ico kikazoba kiri muri 30 billon tour. Igiheruka cabereye muri Nigeria mu kwezi kwa 12 kw’umwaka wa 2017.

Ico giteramo kikaba kizitirirwa iyo ndirimbo yiwe imaze Gukunda cane haba mu karere canke hirya y’amazi.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Ktpress co mu Rwanda avuga ko abariko barategura ico giteramo I Kigali, bataratomora neza amafaranga yo kwinjira kubera hakiriko harumvikanwa ikibanza ico giteramo coberamwo.

Ayo makuru nyene akabandanya avuga ko abo bariko barategura ico giteramo, bazoremesha ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu kwezi kwa kabiri ngo bavuge ivy’ico giteramo.

Davido akaba azoba agarutse i Kigali ubwa kabiri, ubwa mbere akaba yari yanakiriwe n’umukuru w’igihugu.

Tagged as:

Add Comment