Scroll to Top

Sangwe Armel, bitumwako muri Espoir mu gihugu c’Urwanda.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 22 Jan 2018 12:42 PM / /

Ku myaka icumi n’indwi gusa, Sangwe Armel n’umusore w’umurundi akinira umugwi wa Espoir mu gihugu c’Urwanda mw’ihiganwa rikuru rya Basket Ball.

Inyuma y’ugutsinda amanota mirongo itatu n’atanu ( 35pts) mu rukino rwahuza imigwi ya mbere yo muri iryo higanwa Espoir- REG BBC 77-100, vyatumye abakunzi ba Basket Ball, muri ico gihugu bibaza kazoza gakomeye kuri uno musore afise amamuko muri karitiye ya Jabe, hano mu gisagara ca Bujumbura.

Ku myaka yababa itatu gusa amaze muri ico gihugu c’Urwanda, Sangwe ntiyatevye kwigaragaza nk’umukinyi afise kazoza  muri Basket Ball.

Aganira n’ikinyamakuru New Times,  yamenyesheje ko amerewe neza cane muri ico gihugu, anamenyesha ko hamwe bishitse ico gihugu kikamwegera ko yogikinira, atankeka  yokwitabira ubwo butumire.

“I would absolutely grab the opportunity real quick, no question about that.”

Sangwe Armel, akaba yakinye hano mu Burundi, aho yakiniye umugwi wa Gymkana mu cicaro ca kabiri mu mwaka w’2014, aho barangije mu cicaro ca kabiri, inyuma ya Mutanga United. Abajijwe bamwe mu bakinyi boba batumye akurikirana BasketBall cane, aravuga nka Hakizimana Elvis Gafyisi hamwe na Blaise Nikobahose n’abandi.

Mu gihugu c’Urwanda akaba amaze kuharonkera ubushimwe bugera kuri bubir i: Mu mwaka w’2017, yahawe agashimwe k’umukinyi akiri muto yigenjeje neza mw’ihiganwa rikuru rya Basket Ball “best young player of the season”, yongera atorwa nk’umukinyi mwiza w’amashure yisumbuye muri kano karere FEASSA 2017 akinira  APE Rugunga.

Muri ico gihugu c’Urwanda, ihiganwa rya Basket Ball, rikaba ririmwo abakinyi b’abarundi batari bake, mu migwi y’abigeme ndetse n’iy’abasore, tutibagiye n’abamenyereza.

7,641 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment