Scroll to Top

FEASSA 2018: Urwanda ni rwo ruzokwakira izo nkino.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 24 Jan 2018 10:32 AM / /

Inkino zihuza amashure yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko ( FEASSA), zizobera mu gihugu c’Urwanda muri uno mwaka wa 2018.

Amakuru ava hafi y’abajejwe gutunganya izo nkino zihuza imigwi y’amashure yisumbuye  yatwaye ibikombe mu nkino zitandukanye ( Volley Ball, Basketball, Handball, Netball, football ), aramenyesha ko inyuma y’igihugu c’Ubuganda bwaheruka gutunganya ayo mahiganwa, Urwanda arirwo ruzozitunganya.

Ibihugu bigera kuri bitandatu akaba arivyo bisanzwe biseruka muri ayo mahiganwa harimwo Uburundi, Kenya, Urwanda, Uganda na Tanzaniya tutibagiye na Sudani y’Epfo.

Uburundi bukaba bwari bwakiriye izo nkino mu mwaka w’2012, aho bwatahukanye ibikombe mu nkino zimwe zimwe nk’umupira w’amaguru .

7,207 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment