Scroll to Top

Ireresi ”Mami wata” ngo ntigisohowe ku gihe cari caratanzwe

By La Rédaction / Published on Tuesday, 23 Jan 2018 08:17 AM / /

Ireresi yiswe “Mami wata” y’umugwi w’abasanzwe bakina amareresi mu gisagara ca Muyinga ngo ntigisohotse ku gihe cari citezwe ko yosohokeyeko.

Amakuru ashikirizwa n’umwe mu bagize umugwi ukina amareresi mu gisagara ca Muyinga, “Sky Film Burundi” akongera akaba n’umuhinyanyuzi Amigo Pro amenyesha ko ireresi yosohowe mu mpera z’uku kwezi kwa Nzero itagisohowe ku mvo zitabavuyeko.

Kubw’uwo mugwi, icatumye iyo reresi yari irindiranywe igishika cinshi n’abakunzi bawo idashoboye kuzoboneka ku gihe cari catanzwe ngo n’uko amasanamu yayo yahanaguwe mu nyabwonko yarimwo n’abantu bataramenyekana, eka ngo akaba atari amasanamu y’iyo reresi gusa yahanaguwe yamara ngo hakaba haranahanaguwe n’ayandi masanamu y’uwo murwi, ivyo bikaba vyaciye intege abakinyi bo muri Sky Film Burundi.

Bakaba gushika ubu basaba abakunzi b’uwo mugwi kubandanya bihanganye mu kurindira ko basubiramwo ayo masanamu.

2,656 total views, 0 views today

Add Comment