Scroll to Top

Iyandikwa ry’amareresi azoja mw’ihiganwa rigira 10 rya Festicab rirabandanya

By La Rédaction / Published on Wednesday, 24 Jan 2018 03:14 AM / /

Ihiganwa rigira icumi ry’amareresi muri ”Festicab” rirabandanya gushika kuwa 28 Ruhuhuma uwu mwaka turimwo w’2018.

Nk’uko biherutse gushikirizwa na FESTICAB (Festival International du Cinéma et de l’Audiovisuel du Burundi) isanzwe itunganya amahiganwa y’amareresi, ihiganwa rigira icumi (10ème édition) ritegekanywa kuzoba mu kwezi kwa Rusama uwu mwaka kuva kuwa 4 gushika kuwa 11, rikaba ritumiwemwo amareresi yo mu Burundi, ayo mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC hamwe n’ayo ku rwego mpuzamakungu.

Iyandikwa ry’ayo mareresi rikaba ribandanya gushika kuwa 28 Ruhuhuma uwu mwaka, nayo icivugo c’iryo higanwa akaba ari “Jeunesse, Entrepreneuriat et Leadership”.

Abipfuza kwandikisha amareresi yabo azoja muri iryo higanwa bakaba basabwa kwuzuza urupapuro ”Formulaire” bakuye kuri web ya Festicab eka ibisabwa vyose mubisanga kuri iyo web ya Festicab ariyo : http://www.festicab.bi

1,973 total views, 0 views today

Add Comment