Scroll to Top

Ibikorwa hagati ya Double Jay na Big Fizzo vyatanguye

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 24 Jan 2018 08:22 AM / /

Double Jay yamaze gushira umukono ku masezerano yo gukorana na Bantu Bwoy Ent. ya Big Fizzo.


Ivyari urukurukuru ngo vyabaye ukuri, umuririmvyi Double Jay ngo yoba yahejeje gusigna muri Bantu Bwoy Ent ya Big Fizzo.

Ayo makuru dukesha abegereye iyo nzu y’ubuhinyanyuzi itarugururwa ku mugaragaro, abandanya avuga ko ivyo bishobora gushirwa ahabona vuba cane.

Ariko gushika ubu bikaba bitaramenyekana nimba uwo muririmvyi bazomarana igihe kingana gute n’iyo nzu y’ubuhinyanyuzi.

Ibikorwa biri mu vya mbere Double Jay azokorana na Bantu Bwoy akaba ari igiteramo Big Fizzo azokora inyuma y’umusi mukuru w’abakundana -Saint Valentin-.

Tagged as:

Add Comment