Scroll to Top

Big Fizzo yahamagaye Jux I Bujumbura mu biteramo

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 24 Jan 2018 09:09 AM / /

Muri uku kwa 2 Jux azoba ari I Bujumbura mu giteramo yahamagawemwo na The Bantu Bwoy Ent.

Rizoba ribaye irya 1 umuririmvyi w’umunya Tanzania, Jux, yerekeza hano Iwacu I Bujumbura kuhakorera igiteramo.

Uwo muririmvyi yifashe neza muri Tanzania iwabo akaba yahamagawe na Big Fizzo abicishije mu nzu yiwe nshasha Bantu Bwoy Ent.

Ico giteramo Jux azoba ajemwo, akaba azogikorana na Big Fizzo ubwiwe hamwe n’umwe mu bakiri bato asigaye abarizwa muti Label yiwe The Bantu Bwoy Ent.

Abaririmvyi abahinyanyuzi¬† aba Fans n’abandi batandukanye ntibaruhuka babandanya bahanahana urupapuro ndangagiteramo c’ico giteramo kizoba igenekerezo rya 18 ruhuhuma kuri Lacosta Beach, no kuri Zion Beach igenekerezo rya 14 ruhuhuma.

Add Comment