Scroll to Top

LLS4A – Rayon Sports: ruzohagarikirwa n’abanyatanzaniya.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 24 Jan 2018 12:55 PM / /

Abahagarikizi  bane bava mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, nibo bazohagarikira urukino ruzohuza LLS4A  ya hano i Bujumbura na Rayon Sports  yo mu gihugu c’Urwanda, mu ntumbero y’urukino ruzobera hano i Bujumbura mu gikombe ca Afrika c’imigwi yabaye iya mbere iwabo.

Mfaume Ali Nassoro umuhagarikizi  wo hagati mu kibuga azofashwa ku ruhande na  Frank John Komba  hamwe  Soud Idd Lila. Umuhagarikizi agira kane akaba ari uwitwa Israel Omusingi Njunwa Mujuni, aho ni mu gihe umukomiseri w’urwo rukino ava mu gihugu ca  Zimbabwe ari Gladmore Muzambi.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika ( CAF) rikaba ryashize ahabona abahagarikizi ku nkino zose zizoba mu kwezi kwa Ruhuhuma mu bikombe bibiri nyamukuru bigiye gutangura.

Twobibutsa ko n’agahembo ku bahagarikizi ku nkino mpuzamakungu za CAF gaheruka kuduzwa ibice mirongo itanu kw’ijana n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika.

7,255 total views, 0 views today

Add Comment