Scroll to Top

Buja City yaraye inyagiye Inter Star

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 25 Jan 2018 05:50 AM / /

Hari ku musi wa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero umwaka w’2018 isaha icenda 15h ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudovico Rwagasore niho umugwi Buja city wahura n’umugwi Inter Star mu rukino rwa Primus League rw’ikirarane gw’indwi ya 16 ya Primus League kuri Buja city ariko Inter Star yoyo yari ikinye urukino rw’indwi ya 17 urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi Buja City unyagiye Inter star ibitsindo 4-1.

Umukinyi Guy yinjirije umugwi wa Inter Star ibitsindo bitatu wenyene atahana umupira aho igitsindo ca mbere yacinjije ku munota wa 28 akurikiza ica kabiri ku munota wa 42 baza kuruhuka Buja city iri kw’isonga y’ibitsindo 2 ku 0 bwa Inter star bagarutse mu kibuga nko mu minota 68 umukinyi Saleh Amissi yinjiriza Buja City igitsindo ca gatatu, haciye umunota umwe Jimmy kaseke wa Inter Star aronkera Inter Star igitsindo co guhanagura amosozi. Urukino rwarabandanije gushika ku munota wa 90 Guy asubira kwinjiriza Buja city igitsindo ca 4 ari naco cari igitsindo ciwe ca gatatu muri urwo rukuno biza kurangira Buja city inyagiye Inter Star ibitsindo 4-1.

Twobamenyesha ko intsinzi Buja city yaraye ironse yatumye ifata ikibanza ca 6 n’amanota 24 ukaba uzosubira gukina urukino rw’indwi ya 17 ku musi w’Imana uza igenekerezo rya 28 Nzero.

3,173 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment