Scroll to Top

Ni muto ku gihagararo, umugabo mu kibuga.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 27 Jan 2018 11:44 AM / /

Ni muto mu gihagararo, akaba umugabo mu kibuga, niyo majambo kuri uyu mugoroba avugwa ku mukinyi w’umurundi akiri  muto, akinira IPRC Kigali  mw’ihiganwa rikuru ry’urukino rwa Basket Ball, mu gihugu c’Urwanda.

Kuri uyu mugoroba niho harangira urukino rwari rwitezwe n’abakunzi b’urukino rwa Basket Ball mu gihugu c’Urwanda, hagati ya IPRC Kigali ikinamwo Nijimbere Guibert na REG BBC imenyerezwa na Patrick Richard Ngwijuruvugo.

N’ubwo IPRC Kigali itatsinze urukino (74-91), Guibert Nijimbere akaba yashimishije, anatangaza abarorerezi baraho ku buhinga bwiwe, amanota 24 yinjije ,  imipira ivamwo amanota itandatu yatanze, nico catangaje abantu benshi.

Guibert Nijimbere akaba yari yarangije ihiganwa ry’umwaka uheze hano mu gisagara ca Bujumbura ariwe mu kinyi mwiza kuruta abandi ( MVP), ari muri New Stars mu kwezi kwa Munyoyo, ahava agomwa na IPRC Kigali.

Umugwi wa REG BBC ukaba ushoboye gutsinda IPRC mu gihe yaheruka gutsindwa na Patriots hamwe na Espoir BBC ifashishijwe na Sangwe Armel umwe mu basore b’abarundi bariko barigaragaza cane muri iryo higanwa.

Igice ca mbere c’ihiganwa rya Basketball mu gihugu c’Urwanda kikaba kirangiye, hakaba hagiye gutangura igikombe citiriwe intwari.

6,783 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment