Scroll to Top

#Urwevu| Ibikoba( Excuses) twihishamwo keshi bitubera inzitizi.

By Indundi Staff / Published on Friday, 02 Feb 2018 11:45 AM / /

Ibikoba tugendana mu mutwe kenshi bitubera inzitizi. Iyo hageze ukwiyumvira igituma tudatera imbere nk’abandi, nyavyayo biraheza bikatuba hafi cane. “Iwacu turi abakene“; “ibihe biragoye“, “ibintu vy’ubu vyarahindutse” ; sinfise ab’iwacu bakize bonshikana bonsabira“, ” jewe sinize amashure menshi“; “jewe ubuzima ndimwo buragoye muri kino gihe“; ” Nta kazi kakiboneka”..

Ivyo bikoba tugenda ni vyinshi cane ku buryo n’uwobivuga atobimara. Ugashaka kumenya ubwoko bwavyo binyuranye urazobaza ikibazo kimwe gusa , uti “mbega ivyawe vyifashe bite? . Ibikoba uzoronka ubwoko bwishi kuko hari n’ivyo uzosanga biza mu migani y’abasokuru : “ibukuru uhashikanwa na Nyokwanyu“; ” uwavutse ku nkendeĀ  ayurira nkayo“…

Isamu ngereranyo y’umutekamutwe

Yamara rero, abahinga barabisigura. Ivyo kenshi ngo biri muri kameremere kacu. Iyo kameremere ya muntu( Ego) yama ishaka ukwikingira, gutyo ikama irondera kuzibirira kure icohava kiza kuyitunga agatoki. Ivyo bikoba biradufasha kwama twumva ko ingorane zama ziva ahandi. Eka no mu mamuko yacu kubemera ivyanditswe muri Biliya turabona ko vyatugendeye ukwo nyene. Umwe yagize ati ni”uwo mugore“, nya mugore nawe ngo ni” iyo nzoka”!

Koko abaciye urwevu baduhanura nyabuna kwiyamiriza ivyo bikoba. Baduhanura kwemanga amenya ko natwe kenshi dusanga dufise uruhara mu bidushikira. Kanatsinda bobo bemeza ko kenshi ibishikira umuntu bakamucinyiza ngo biba vyavuye kuri we nyene.

Kenshi rero icerekana ko ivyo bikoba bitubera inzitizi, n’uko kenshi iyo umuntu ashitse mu bintu asanga afise amasaganirizo make, kenhi ngo aheza agakoresha inguvu ziri muriwe maze akabivamwo. Nayo mu gihe cose wama witiye ivyo wewe nyene utahura maze ukagira Imana n’abandi bakabitahura, inkurukizi yihuta kaca kaba agatiro k’agahunikiro. Ukazogumirira iyo ataco winona kuko “bitavuye kuri wewe”.

Imvugo ica itworohera ni” Ntakundi”.

Yamara ico womenya n’uko hama hariho “ukundi”. Wewe ca urwevu gusa!

7,579 total views, 0 views today

Add Comment