Scroll to Top

#Urwevu| Twitondere amajambo tuvuga. Akari mu mutima kadudubiriza mu kanwa!

By Indundi Staff / Published on Sunday, 04 Feb 2018 15:22 PM / /

    Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Ugutera imbere ni urufatangane rw’ibintu vyinshi cane. Abahinga baciye urwevu imbere yacu baravyihweje basanga ngo ugutera imbere kw’umuntu gufatiye ku bumenyi bwiwe ku rugero rw’ibice 15 gusa kw’ijana, ariko ngo ku bindi bice 85 kw’ijana(85%) bifatiye ku migenderanire n’abandi bantu.

Ivyo rero kandi ntawobideha. Inyifato yacu, niyo vyose. Hari ibihangange mw’ishure bimwe twakura twita ngo ni ibimeneke yamara bihereza ubuzima bwavyo ahadahimbaye kubera inyifato kandi ubwenge bwobwo bwari umusesekara. Aha mbere niho bamwe mu baciye urwevu imbere yacu baheza bakibaza bati koko ubwenge ni iki? Kimwe kitari ic’ukudeha n’uko abasigura ko ubwenge ari ukumenya ugukoresha ivyo wize muri vyose bidasa nk’ugushikuza.

Kimwe rero mu bigize inyifato yacu, harimwo amajambo tuvuga. Hariho abantu vy’ukuri uturaba ugasanga turashajije , eka mbere dufise inforo y’ijunja n’ijambo yamara utwegereye twatangura kuvuga ugahakwa kuzibira amatwi. Kenshi naho uba waraciye urwevu uraheza ugatwenga ubona ko, rimwe na rimwe ari ubundi buryo bw’ukumarara( ku mugabo).

Rero koko hari igihe duheza tugaca twihutira kurondera ibikoba( Excuses) ngo twariko turabura, canke ngo” uraraba ivyo nkora nturabe ivyo mvuga”.

Ufatiye rero kuvyo abaciye urwevu imbere yacu basigura, burya ivyo umuntu avuga ngo nivyo aba yiyumvira. Nayo ivyo umuntu yiyumvira kenshi kandi nivyo ngo aba akora. Naho nimba atoba abikora, kumbure aba abiburiye akanya n’akaryo gusa.

Muri ya ntumbero rero y’uko twotera imbere duciye ku bandi, uwumaze guca urwevu araheza akitondera amajambo avuga kuko bitazobuza abatari bake kwibaza ko inyifato y’iwe idahushanye cane n’ivyo avuga.

Aha bikunda kudushikira kenshi na kenshi iyo duteramye hamwe, mu runganwe, aho usanga abapfasoni n’abashingantahe haba aho muri ako kazi cankeĀ  aho twivunira akanyota, vyadushikiye dugacisha mukanwa amajambo yahavuye agahamwa izina “ibishegu”; bisa nk’uko yoba yakoreshwa bu bijanye n’ukubandwa. Ni imvugo yatuma uwuriko ayikoresha aca aheza akitiririrwa nya zina ryayo ( Muradutunga aho twota, tuzobitohoza neza)

Uwaciye urwevu ntavuga imvugo y’ukubandwa atariko arabandwa.

 

7,916 total views, 0 views today

Add Comment