Scroll to Top

#Urwevu| Ng’uku uko ushobora gutunga ukoresheje ivyiyumviro vyawe

By Indundi Staff / Published on Monday, 05 Feb 2018 05:26 AM / /

 

Nkuko tubikura mu gitabo canditswe n’umuhisi Napoléon Hill” Thing and grow Rich”. Hari ibintu bitandatu vyangombwa vy’ugukurikiza kugira utumbereze inguvu hamwe ku buryo bw’ukuronka amafaranga ku buryo ka gatimatima k’ubwonko bwawe gasanzwe ariko bivurwa n’abaciye urwevu ko ariko kavugana n’Imana gaheze kakurose ubwenge bw’ugushika kuvyo wifuza.

Tubigenderereje hirya no hino twasanze koko abandi baciye urwevu imbere yacu aribwo bwenge bagiye barakoresha kugira bakore ibintu tweho mbere tubona nk’ibitangaro.

Ibanga si irindi, ni uburyo bakoresha bw’ugushobora gutumbereza ubwonko bwabo n’inkomezi zabwo zose ku kintu kimwe , maze bakamizako gushika aho ubwoko bwabo , uciye kuri ka gatimatima( subconscient) uteba rero ukaronka inyishu ku buryo bumeze nk’ibitangaro kuko karya gatimatima subconscient ko bemera ko gakorana n’inguvu nshobora vyose ( twita Imana)

Ivyo muti gute? Nkuko abahinga babivuga, burya mu mutwe h’umuntu haca ivyiyumviro ama miliyoni n’ama miliyoni ku musi. Dufatiye kuvyo abahinga baciye urwevu imbere yacu bamenyesha, Ivyiyumviro rero bifise amahirwe y’ukwakirwa n’aka gatimatima (subconscient) biri imice ibiri. Ibigarutse kenshi, hamwe na birya naho vyoza rimwe biza bifise ibishobisho( émotions) vyinshi.

Mu kurindira ko hari abahinga babinonosoye bazoshobora kubidusobanurira mu kirundi, twagomba dufatiye rero kuri ico c’igaruka garuka c’iciyumviro, niho duheza tugatahura izi mpanuro duhabwa maze tuzikurikiza dufise ukwemera gukwiye , ari na kimwe mbere mu bituma biheza bikemerwa. Uko rero usubiramwo incuro nyishi iciyumviro, niko giteba kigatangura kuvyara vya bishobisho( émotions).

Dufatiye ku mpanuro z’uwo mwanditsi Napoleon Hill rero, muri ico gitabo bivuga ko cacishije urwevu abantu benshi bagahinduka ibihangange, mu gihe ngo ushaka gukoresha ubwo buryo mu kurondera amahera uraheza ukubaka amajambo uciye ntambwe zitandatu.

-Ugutegekanya igitigiri c’amafaranga wifuza kuronka

-Ugutegekanya mu mutwe ivyo utegerezwa gukora kugira uyaronke

-Ugutegekanya igihe, italiki ubona uzoba wayaronkeyeko

-Ukwandika “plan” y’ukuntu uzoyaronka

-Ukwandika ivyo vyose nk’ibintu wiyemeje

-Ukwama ubisoma incuro zibiri ku musi. Ugiye kuryama hama kandi uvyutse.

NB. Ntiwibagire kugira ubushakashatsi ukarondera kino gitabo nawe uzoze uracisomera. Kizohindura ubuzima bwawe( Version française  audio sur Youtube: Reflechissez et devenez riches(Napoléon Hill)

 

3,513 total views, 0 views today

Add Comment