Scroll to Top

Basketball: Abamenyereza bariko barahabwa ivyigwa vyo ku rugero rwa mbere.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 29 Jan 2018 11:44 AM / /

Kuri uyu wa mbere, hano mu gisagara ca Bujumbura, mu nyubakwa za kaminuza y’Uburundi, mu gisata cigisha ivy’ukwinonora imitsi ( IEPS), ishirahamwe ry’urukino rw’amaboko Basket Ball (FEBABU),  ryatanguje inyigisho ku bamenyereza ba hano mu gihugu cacu.

Abamenyereza bagera kuri mirongo itanu, harimwo abava mu ntara hagati no mu gisagara ca Bujumbura nibo bitavye ivyo vyigwa vya mbere ( Niveau 1), mu kumenyereza abana b’imyaka 5 gushika kuri 7  hamwe n’imyaka 8 gushika kuri 13.

Ivyigwa biriko bitangwa n’umuhinga yarungitswe n’ishirahamwe ry’urukino rwa Basket Ball muri Afrika ava mu gihugu ca Gabon, aho azomara ikiringo kingana iminsi igera kuri itanu atanga inyigisho.

Umwe mu bamenyereza ariko arahabwa izo nyigisho, yatuganiriye kuco biteze muri ino ndwi. ” Akarusho n’uko tugiye  kumenya uko tuzomenyereza abana bakiri batokuva kumyaka itanu gushika ku ndwi, umunani gushika kuri 13. Ikindi kiduhimbaye n’uko tubaye abambere turonse izi nyigisho kuva aho habaye ihinduka mu gutanga inyigisho muri FIBA.”

Tukabibutsa ko muri kino gihe, ishirahamwe ry’abamenyereza ba Basket Ball, bari bamaze igihe kitari gito basaba ko ivyigwa nkivyo vyoza biratunganywa kugira urugero rwa  Basket Ball rushobore guterimbere gusumba.

 

 

 

 

 

1,241 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment