Scroll to Top

Basket Ball: Ishirahamwe ERCA ryaraye ritunganije ihiganwa mu ntara ya Ngozi.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 29 Jan 2018 12:37 PM / /

Uko iminsi igenda iyindi ikagaruka, niko intara ya Ngozi ibandanya yerekana ko ari intara urukino rwa Basket Ball, ruteye imbere.

Inyuma y’inkino za nyuma z’igikombe c’umkuru w’igihugu zabereye mu ntara ya Ngozi, mu ntango z’umwaka, Ishirahamwe ERCA ryaraye rihaye akaryo ku rwaruka rwo muri iyo ntara ko gukinira ibikombe mu basore no mu bigeme.

Inkino zabaye iminsi ibiri, ndetse hatangwa ubushimwe butandukanye ku migwi n’abakinyi barushije abandi.

Ku munsi wa gatandatu:  abapfasoni:

  • Target Intamenwa 49- AWA Friends
  •   Abasore: Messager Ngozi BBC45-64 Friend Team
  • Target  Intamenwa 109 – Walempo
  • Ku w’Imana:  
  • Young Sisters 45-Inyange 36
  •   Target Intamenwa 58- 50 Friends  Team

Imigwi ya mbere ikaba yaronkejwe ibikombe hamwe n’ibahasha vyatanzwe na Nkurunziza Arcade asanzwe arongoye ishirahamwe rya ERCA.  Iryo shirahamwe rikaba ryaratanze n’imyambaro ku bahagarikizi bo mw’ishirahame rya Basket Ball mu ntara ya Ngozi.

Abakinyi Rushoza Amani na Nkurunziza  Aline nibo barushije abandi bahabwa ubushimwe bwabo.

Mukamenya ko iryo shirahamwe riyemeje kwama ritunganya buri mwaka ihiganwa nk’iryo mu ntumbero y’uguteza imbere Basket Ball mu ntara ya Ngozi hamwe n’ugushigikira urwaruka.

1,618 total views, 0 views today

Add Comment