Scroll to Top

Ireresi “umwanya” ngo igiye kuja ahabona vuba

By La Rédaction / Published on Tuesday, 06 Feb 2018 05:29 AM / /

Ireresi ndundi yabatijwe “umwanya” yari irindiranywe igishika cinshi n’abakunzi b’amareresi ndundi ngo vuba igiye gushirwa ahabona.

Nk’uko bishikirizwa na bamwe mu basanzwe bagize umugwi ukina amareresi ngaha mu gisagara ca Bujumbura “The dream classic”, ireresi ”Umwanya” abakunzi b’amareresi ndundi bari barindiranye igishika ngo igiye gushirwa ku mugaragaro kuko ibikorwa bijanye n’ukuyihinyanyura bisa n’ivyarangiye.

Mu kiganiro gito yagiranye na Indundi magazine, Vyizigiro Aimable asanzwe ari umwe mubashinze uwo mugwi “The dream classic” yamenyesheje ko iyo reresi izoba itavyorosha ndetse inatandukanye n’izindi reresi bari bamaze gukina na rirya yakinywemwo umwe mu basanzwe bakina ikiganiro “Ninde” azwi kw’izina ry’ubuhizi “Munyare” ariko amazina yiwe bwite akaba ari Déo Ndaruzaniye.

Muri make, iyo reresi yerekeye akamaro umwanya usanzwe udufitiye mu buzima bwa misi yose, na rirya ”umwanya ngo ari amafaranga” (time is money).

2,822 total views, 0 views today

Add Comment