Scroll to Top

Ubutabazi, ireresi igiye gushirwa ahabona mu misi ya vuba

By La Rédaction / Published on Wednesday, 07 Feb 2018 06:52 AM / /

Inyuma y’urutavanako rw’amareresi abica bigacika haba aha mu gisagara ca Bujumbura, mu ntara hagati ndete no mu bihugu duhana imbibe, abahinga mu gukina amareresi bahurikiye mu mugwi ARCAL RP ntibahengeshanya kwama bazanira bishasha abakunzi babo na canecane mu gutanga inyigisho zubaka abarundi babicishije mu mareresi.

Mu kiganiro gito umwe muri bo azwi kw’izina rya Fiston yagiriranye na Indundi magazine, uwo musore yamenyesheje ko mu misi ya vuba bariko bategurira abakunzi b’amareresi ndundi ireresi bise “Ubutabazi” ahanini izoba ishimikiye ku nyifato ikunze kuboneka hagati y’abavyeyi hamwe n’abana bo mu mabarabara dukunze kwita ”ba mayibobo”, aho yagize ati :

 «Burya ubutabazi ntibuva ku muntu agusumvya ibintu gusa…itondere agasuzuguro ugirira abatishoboye kuko uwo ufata nabi umwirukana haraho aba aje kugufasha…iyi film irerekana ukuntu umuvyeyi afata nabi mayibobo bikarangira aciye bugufi imbere ya mayibobo amusaba imbabazi kubona yamukubitishije kandi ivyo yakora vyose yabikorera umwana w’uwo muvyeyi…».

Amareresi yakimywe n’abarundi mukaba mushobora kuyakurikirana muciye ku muhora wacu wa YouTube ariwo “NihoTV Burundi” tukaba tubasavye kugira “Subscribe” kugira mwame mwironkera amareresi tuba dushizeko.

1,441 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment