Scroll to Top

Amasanamu ya “Yambi” ya Bobona azoshira ahabona vuba cane 

By KING YANN COOL / Published on Friday, 09 Feb 2018 03:28 AM / /

Ingabire Bobona yahawe n’ababirigi igiye gushirwa ahabona kuri uyu wa 13 ruhuhuma.

Aho bukera igenekerezo rya 13 ruhuhuma -2- ata gihindutse, umuririmvyi Bobona ngo azoba aramutse ashira ahabona amasanamu y’akaririmbo kiwe gashasha “Yambi”.

Ayo masanamu uwo muririmvyi avuga ko azosohokera ku rubuga rwiwe rwa YouTube. Hakaba hari haheze imisi avuye mu bubirigi gufata ayo masanamu, hari mu gisagara ca Anvers.

Uwo muririmvyi akaba akoze ayo masanamu mu gihe yari  yamenyesheje Indundi Magazine mu misi yahera ko azoyafatira mu Burundi agarutse. Ariko bikaba vyahindutse ayahawe nk’ingabire n’umwe mu bahinyanyuzi bakorera mu Bubirigi.

Iyo ndirimbo ikaba iri mu rukurikirane rw’indirimbo zishika kuri 6, zirimwo impeta, Yambi n’izindi zitari nke ariko asohora gahorogahoro.

3,245 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment