Scroll to Top

Big Fizzo buca ateramisha abanya Gitega 

By KING YANN COOL / Published on Friday, 09 Feb 2018 03:52 AM / /

Big Fizzo inyuma y’ibiteramo azokorera I Bujumbura, azoca yerekeza mu ntara ya Gitega. 

Hampande y’ibiteramo ariko arategura gukorera I Bujumbura muri iyi ndwi ya 2 y’ukwezi kwa 2, Big Fizzo agiye kunateramisha abanyagitega.

Ico giteramo akaba azogikorera ahitwa kuri Alliance Francaise y’i Gitega, ukwinjira akaba azoba ari 3000, hamwe n’ibihumbi 5000 mu bwugamo bw’iteka.

Uwo musi nyezina, akaba azoba ari igenekerezo rya 17 ruhuhuma, guhera isaha icenda z’umuhingamo.

Abatari bake bakaba bashimishijwe n’ico giteramo na cane cane abasanzwe baba muri iyo ntara ya Gitega.

4,076 total views, 0 views today

Add Comment