Scroll to Top

Ubutumwa bwa Welo Hussein ku rukino rwo ku munsi w’ejo.[Interview]

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 09 Feb 2018 13:04 PM / /

Mu gihe ku munsi w’ejo, w’igenekerezo rya 10 Ruhuhuma, Olympique Star izokwakira Etoile filante yo mu gihugu ca Burkina Faso, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, mu nkino z’igikombe ca CAF.,

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, umumenyereza wa Olympique Star, Wello Hussein  arasaba abarundi bakunda umupira w’amaguru kuza ku bashigikira ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

“Nifuza ko  abarundi bose boza kudushigikira kuko Olympique Star izoba iriko iserukira igihugu. Twariteguye bikwiye kuva tukiri mu ntara ya Muyinga , mbere no kuva aho dushikiye hano mu gisagara ca Bujumbura tukaba tubandanya kwitegura. “

Wello Hussein akaba amenyesha ko urutonde rw’abakinyi bazokoreshwa muri urwo rukino bazomenyekana ku munsi  w’ejo imbere y’urukino.

Mwumvirize hano umumenyereza wa Olympique Star.

8,059 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment