Scroll to Top

Foto ya Kigingi yambaye nk’abakobwa yatwenge benshi

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 10 Feb 2018 06:11 AM / /

Foto ya Kigingi yambaye nk’umukobwa yatangaje benshi cane bituma bayivugako vyinshi gose.

Ishusho ya Kigingi yambaye nk’umukobwa iratangaje abantu benshi basanzwe bakurikiranira hagufi ibikorwa vy’uwo musore asanzwe afise umwuga w’ugutwenza abantu.

Iyo foto ikaba yafashwe mu gihe yariko ashaka kumenyekanisha igikorwa afise kuri uyu wa 14 ruhuhuma -2-, aho hazoba haramutse hahimbazwa umusi wahariwe abakundana. Iyo foto ikaba kandi yafatanywe n’izindi zitandukanye zirimwo izo yabonetse yambaye nk’umugabo.

Iyo foto muri ino misi ibiri iheze, ikaba ishobora guharurwa mu ma foto make yarabwe cane ku mbuga nka whatsapp, facebook, instagram mbere na Twitter. Igituma nuko yahanahanwe bikomeye, eka inavugirwako amajambo atari make n’ivyiyumvuro bitandukanye.

Bamwe bakaba batangajwe n’uburyo uwo mukinyi yavyifashemwo kuri iyo foto. Naho ritari irya mbere abikora, ariko kigingi akaba uno mwaka abantu barayikunze cane.

Iyo foto iriko iravurwako cane ikaba iriko imenyekanisha igikorwa c’igiteramo kizoba ku musi w’abakundana aha I Bujumbura.

9,311 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment