Scroll to Top

Hari urukundo na mumpekure

By Julien Barinzigo / Published on Saturday, 10 Feb 2018 06:42 AM / /

Diane Niyubahwe yashatse kwiyahura kuko bamutesheje gucumita imbugita umwigime basanzwe bapfa umusore.

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo ry’9 ruhuhuma kw’ishure ryisumbuye Rutovo ryo mu ntara ya Bururi, umunyeshure yiga mu mwaka w’icumi na kabiri yitwa Diane Niyubahwe yaricumise imbugita iruhande y’umukondo mu gihe yashaka kwiyahura kuko bamutesheje gucumita imbugita uyundi mwigeme bari bafitaniye amatati aturutse kugusangira umusore. Ako kamuna kakiba abantu benshi baratangaye nawe nyene gushaka kwiyahura aca amanukanwa kuvurigwa mu bitaro bimwe i Bujumbura kuko yari aremvye.

Kuri uyu wa gatanu nyene mw’ijoro ku musozi Gasuru muri Komine Gasorwe Nayoya w’imyaka 35 yakubise umupfasoni wiwe. Nyene gukubitwa ahungira ku mukuru w’umutumba. Nayoya amusangayo maze ashika acumita imbugita wa mukuru w’umutumba.

Ababanyi b’uwo mukuru w’umutumba barengera kuri Nayoya barakubita barambikako inkoni nkuko bimenyeshwa n’igiporisi c’Uburundi .Bose baciye bajanwa mu bitaro i Muyinga.Umukuru w’umutumba  yamaze kwitaba Imana mugihe Nayoya nyene gucumita akiri mu bitaro aho acungiwe n’umuporisi ku kwanka ko yohava atoroka.

Diane Niyubahwe yaraye yiyahuye Imana irakinga yiziza urukundo yoba akunda uyo musore atazi ko vy’ukuri nawe yamukunda mu gihe umusi witwa ko wahariwe abakundana witiriwe umweranda Varantino usigaje imisi ine ngo ushike.

                      Hari urukundo na mumpekure.

8,960 total views, 0 views today

Categories : Health homepage kirundi
Tagged as:

Add Comment