Scroll to Top

LLBS4A inganije na Rayon Sports (1-1), yizera kubandanya ihiganwa.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 10 Feb 2018 13:44 PM / /

 

LLBS4A itahukanye inota rimwe ku kibuga Amahoro mu gihugu c’Urwanda imbere ya Rayon Sports, yizera kubandanya ihiganwa, mu kurindira urukino rw’ugusubiriza.

Kuri uno muhingamo, mu gisagara ca Kigali, niho haba urukino rwari rwitezwe n’igishika cinshi n’abakunzi b’umupira w’amaguru mu bihugu vy’Urwanda n’Uburundi. Urukino rw’igikombe ca Afrika ku migwi yatahukanye ibikombe iwabo.

Mu rukino rutangura, LLS4A yari yakiriwe na Rayon Sports. Urukino rwarangiye iyo migwi yompi inganya igitsindo kimwe ku kindi (1-1). Umugwi wa LLS4A akaba ariwo watanguye gutsinda igitsindo ku munota wa 74 w’urukino gitsinzwe na Jamal Bazunza ariko kiza kugomoborwa na Hussein Shabani Tchabala wa Rayon Sports ku munota wa 83.

Imigwi yompi ikaba yakinishije ubwenge bwinshi cane kuva mu gice ca mbere c’urukino. Ku ruhande rwa LLBS4A, abakinyi batanu hagati mu kibuga  babujije Pierrot Kwizera na Yanick Mukunzi gutemebereza umupira nk’uko basanzwe, bongera kubuza Pierrot Kwizera gusasagaza imipira ku bakinyi nka Tchabalala  na Ismail Diarra.

Ku ruhande  rwa Rayon Sports, kwinjiza Muhire Kevin na Shassir Nahimana , vyafashije uyo mugwi gukin umupira mwiza cane Rayon Sports mu gice ca kabiri, aho vyagaragaye ko bamize LLS4A, babona uburyo bwinshi bw’ugutsinda ariko Mutombo Fabien, avyifatamwo neza.

Ku gitsindo kimwe ku kindi, LLS4A ikaba yakoze akazi gakomeye, gatuma yizera itsinzi mu ndwi zibiri hano i Bujumbura, mu rukino rw’ugusubiriza. LLS4A ikaba isabwa gutsinda canke kunganya ubusa ku bundi. Hamwe LLS4A yokuramwo Rayon Sports, ikaba izoca ihura  na Mamelodi Sundowns yo muri Afrika y’epfo mu gice gikurikira.

Abakinyi batanguye muri LLBS4A: Mutombo Fabien, Harerimana Rashid, Idi Said Djuma, Jules Ulimwengu, Marc Olivier, Boue Bi Moussa, Harerimana Sefu, Ndizeye Eric, Ndoriyobija Hakizimana Issa, Mossi Moussa na Celestin Habonimana.

Abakinyi batanguye muri Rayon Sports: Ndayishimiye Eric Bakame, Eric Rutanga, Manzi Thierry, Usengimana Faustin, Mukunzi Yannick, Shaban Hussein, Shaban Hussein Tchabalala, Ismaila Diarra, Mutsinzi Ange Jimmy, Niyonzima Olivier Sefu, Kwizera Pierrot, na  Manishimwe Djabe.

7,666 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment