Scroll to Top

Tanzaniya ngo igiye guhagarika gutanga ubwenegihugu ku mpunzi

By Janvier Nzokurigomba / Published on Sunday, 11 Feb 2018 04:41 AM / /

Repubirika yunze ubumwe ya Tanzaniya iherutse kumenyesha ko igiye guhagarika guhereza ubwenegihugu impunzi zahungiye muri ico gihugu.

                                        John Pombe Magufuli, Perezida wa Repubirika yunze ubumwe ya Tanzaniya

Mu gihe yari aramutse yipfuriza kuroranirwa abakuru b’amamisiyo diporomatike asanzwe akorera mu gisagara ca Dar Es Salaam, umukuru wa Repubirika yunze ubumwe ya Tanzaniya, Bwana John Pombe Magufuli yamenyesheje ko izo ngingo zigiye gufatwa ku mvo z’umutekano mu gihugu ciwe hamwe n’ukubura uburyo bukwiye bw’ukubandanya afata mu mugongo impunzi ziri muri ico gihugu zigizwe canecane n’abarundi hamwe n’abakongomani.

Ivyo bwana Magufuli akaba abimenyesheje mu gihe mu kwezi kwa Mukakaro umwaka uheze w’2017 yari yasavye ashimitse impunzi zose z’abarundi ziri mu gihugu ciwe ko zohunguka ku mvo z’uko yabona ata buryo buhari bw’ugufasha izo mpunzi.

Inyuma yaho, Perezida Magufuli yari yamaze kumenyesha HCR isanzwe yitaho impunzi kw’isi mu kwezi kwa Nzero uwu mwaka ko agiye guhagarika guhereza ubwenegihugu impunzi z’abarundi hamwe n’uguhagarika ico cose cotuma abarundi babandanya basaba ubuhungiro muri ico gihugu.

Nayo ikimenyeshamakuru co muri ico gihugu Daily News kikamenyesha ko Perezida Mgufuli yagiriza HCR kuba yarafashe uburyo yari yaremereye ico gihugu bwotumye ashobora kubandanya afasha izo mpunzi ivyoba vyatumye afata izo ngingo.

9,438 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi societe

Add Comment