Scroll to Top

Olympic Star yaraye inganije na Etoile filante 0-0

By La Rédaction / Published on Sunday, 11 Feb 2018 03:15 AM / /

Hari kuri uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 10 Ruhuhuma umwaka wa 2018 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore niho hari haramutse haba urukino rwa CAF Confederation Cup rwahuza umugwi Olympic Star hamwe na Etoile Filante wo mu gihugu ca Burkina Faso, urwo rukino rukaba rwaraye rurangiye iyo migwi yompi inganije 0-0.

Umugwi Olympic warasatiriye mu gice ca mbere kugira urabe y’uko uronka igitsindo ariko ico gice kirangira bataronse igitsindo. Igice ca kabiri carayigoye Olympic star na cane cane abakinyi b’inyuma baguma bakora amakosa atandukanye ariko umunyegori wabo Watulasubi Lucien ahabera magabo gushika aho urukino rurangira ari 0-0.

Umugwi Etoile Filante ukaba wazanye abakinyi 14 gusa kumvo z’uko igihugu cabo muri kino gihe gisanzwe kiri mu ngorane z’ubutunzi.

Mukibuka ko urukino rwo gusubiriza ruzoba mu ndwi zibiri muri ico gihugu ca Burkina Faso umugwi Olympic Star utitwaye neza ugashobora gusezererwa.

4,393 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment