Scroll to Top

Primus Ligue: Messager Ngozi iraye mu kibanza ca mbere vy’imfatakibanza.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 11 Feb 2018 12:44 PM / /

Inyuma y’inkino mpuzamakungu zabaye kuri uno wa gatandatu, ku migwi ya hano iwacu ( LLBS4A na Olympique Star), ihiganwa rya Primus Ligue ryabandanije kuri uyu w’Imana wa 11 Ruhuhuma ku ndwi y’18. Inkino zitatu gusa akaba arizo zari ku rutonde.

Messager Ngozi bitayoroheye na gato, yatsinze Athletico Olympique ibitsindo bibiri kuri kimwe , gutyo ifata ikibanza ca mbere vy’agateganyo n’amanota 43, imbere ya LLBS4A ifise amanota 41 n’urukino rw’ikirarane.

Buja City wirahiye Messager Bujumbura ku gitsindo kimwe ku busa (1-0), wironkera amahirwe y’ukuja mu kibanza ca gatanu n’amanota 30. Ikibanza batari bwigere bajemwo kuva ihiganwa ry’uno mwaka ritangura.

Flambeau du Centre ukaba nawo watsinze Ngozi City  ibitsindo bitatu kubusa, bituma uyu mugwi wo mu ntara ya Gitega, ufata ikibanza c’10.

Iindi nkino zikaba zitegekanijwe muri ino ndwi buca dutangura. Messager Ngozi ikaba ifashe ikibanza ca mbere, inyuma y’ukugitakaza mu nkino zibiri yaheruka gukina, inganya na Flambeau de l’Est  (0-0), itsindwa na Les Lierres  (3-1).

6,954 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment