Scroll to Top

Mayele ntiyashimye inyifato y’abakunzi ba Rayon Sports.

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 11 Feb 2018 13:45 PM / /

Inyuma y”aho umugwi wa Rayon Sports unganirije na  LLBS4A  ku kibuga citiriwe  Amahoro (1-1 ) mu rukino rwa CAF Champions League.  LLBS4A yamaze gushika i Bujumbura kuri uno wa mungu igenekerezo rya 11 Ruhuhuma umwaka ma 2018.

Mu kiganiro gito Bankuwiha Emmanuel batazira Mayele yakoranye  n’iradio nkuru y’igihugu (Radio Nationale),    yagarutse kuvyo yoba yarabwiwe n’abakunzi ba Rayon Sports, imbere y’uko urukino rutangura.

Abafana ba Rayon Sports bavuze    amajambo menshi ngishika ku kibuga,  bambwiye y’uko igitsindo ca mbere kiza kwinjira ari icabo bwite atari ic’abakinyi ba Rayon Sports.  Induru yonyene bafise, ugize ubwoba wotsindwa  nk’ibitsindo nka bitatu”.

Umumenyereza Mayele,  akaba yavuze icatumye bitwara neza bagahakwa gutsinda Rayon Sports .

Ati : “Abakinyi dufise basanzwe bamenyereye amahigwanwa mpuzamakungu cane cane hagati , hari  abakinyi babifitiye uburambe,  naho bagiye kuruha mu minota ya nyuma,  bituma Rayon Sports ironka igitsindo ‘ukugombora.”

Bankuwiha Emmanuel akaba yarangije amanyesha ko yamaze kubwira abasore biwe ko aribo bafise akazi gakomeye mu rukino rw’ugusubiriza.

Urukino rw’ugusubiriza rukaba rwitezwe mu ndwi zibiri ziri imbere, mu gisagara ca Bujumbura , ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

8,180 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment