Scroll to Top

T Max yasohoye amasanamu y’akaririmbo ‘Tunatwanga na Kupepeta’

By KING YANN COOL / Published on Monday, 12 Feb 2018 04:58 AM / /

T Max yahavuye ashira ahabona amasanamu yerekanywe ubwa mbere kuri uy uwa gatandatu i Bujumbura muri Camperos.

Indirimbo yari yemeye gushira ahabona mu misi ya Vuba yahavuye ishirwa ahabona, iyo nayo s’iyindi ni Tunatwanga na Kupepeta yakorewe amasanamu mu gihugu ca Tanzania.

Ayo masanamu akaba yashizwe ahabona kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 11 ruhuhuma -2- ku rubuga rwiwe rwa Youtube. Ariko akaba yari yerekanywe ubwa mbere kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 ruhuhuma -2- kuri Camperos.

Muriyo hakaba habonekamwo abakobwa bariko batmba, ibibazo bitandukanye birimwo n’ibiherereye kwi bahari, n’ubwato butandukanye bakoreyemwo.

Naho iyo isohotse hakaba nubu hacitezwe iyindi ndirimbo bivurwa ko yakoranye na mugenziwe asanzwe akorera ibikorwa vyiwe muri Tanzania, ariko naha iwacu abatari bake bazi neza. Uwo nawe s’uyundi ni Nay wa Mitego.

 

6,636 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment