Scroll to Top

Yvan Muziki agarutse n’akaririmbo yise “Mash Allah”

By KING YANN COOL / Published on Monday, 12 Feb 2018 05:41 AM / /

Akandi karirimbo gashasha ka Yvan Muziki ngi buca gashirwa ahabona, ako kakazoza kazananye n’amasanamu.

Amasanamu mashasha y’akaririmbo nako nyene katarasohoka niyo abarundi n’amakungu biteze kuri Yvan Muziki mu misi mike cane nkuko yabishikirije Indundi Magazine. Ako karirimbo akaba yakise “Mash Allah”.

Yvan Muziki akaba ako karirimbo yatanguye kugakorera imenyekanishwa hirya no hino acishije kw’i foto yashize hanze imenyesha ko buca isohoka.

Yvan yanaboneyeho akaryo ko kubwira abakunzi b’umuziki wiwe abicishije ku rubuga rwa Facebook ko bokwirukangira ku rubuga rwiwe rwa Youtube noneho ngo babashe kwi Abonna noneho ngo igihe izosohoka ibashikire bitabagoye.

Ako karirimbo k’urukundo kakaba kagiye gushirwa ahabona inyuma yako yashize hanze mu kwezi kwa 12 igenekerezi rya 16. Ubu kakaba kamaze kurabwa incuro zirenga 66,000.

10,450 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment