Scroll to Top

Ivya Preeze na Ashley Diva hamenyekanye iyo bitera bija

By KING YANN COOL / Published on Monday, 12 Feb 2018 06:03 AM / /

Ivy’inkundo zoba zari ziri hagati ya Preeze na Ashley Diva, vyoba vyahindukiye mu bindi.

Ivya Ashley Diva na Preeze vyahavuye bimenyekana, iyo bitera bija. Amakenga yaheze bifata intumbero aho yashira ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp ivy’igikorwa bariko barakorana.

Ivy’iyo ndirimbo vyari vyagizwe ibanga, vyari vyateye amatsiko menshi abantu aho bibaza ikiriko kiraba hagati y’abo baririmvyi uko ari babiri. Bamwe babakaba bibaza ko hoba harimwo ivy’urukundo kubera foto yaheruka kuberekana bariko bakina umukino w’amaboko – Billard-.

Amakuru twabashije kuronka kuvy’iyo ndirimbo, nuko ishobora kuba itarahera. Kandi ko hoba hakirindiriwe uwo mwigeme ngo bikunde barangize iyo ndirimbo noneho ibashe gusohoka. Ako karirimbo nako koba kiswe Forever.

Mwomenya ko bose uko ari babiri, baheruak gushira ahabona uturirimbo twabo bakoze ku giti cabo.  Aho ni nka My Level yasohorewe amasanamu ku ruhande rwa Ashley Diva, hamwe na Ndamunegligea ku ruhande rwa Preeze.

11,921 total views, 0 views today

Add Comment