Scroll to Top

Lumitel Burundi yongereje amasezerano y’ugufasha umugwi nserukiragihugu.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 12 Feb 2018 11:15 AM / /
Photo FFB

Kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya cumi na kabiri Ruhuhuma, ishirahamwe ry’ugutumanako amakuru Lumitel- Burundi ryongereje amasezerano y’ugufasha umugwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru.

Ibirori vyatewe iteka n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru, umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo ari kumwe n’icegera c’umukuru wa Lumitel Burundi Nguyen Huy Tan. 

Ibahasha ringana n’imiliyoni ijana na mirongo ine z’amarundi ( 140.000.000 fbu), niyo mahera agiye guhabwa umugwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru w’abakuze (Senior), mu ntumbero yo kuwufasha imyiteguro itandukanye mu mahiganwa mpuzamakungu.

Iro bahasha rikaba ryongerejwe amahera angana n’imiliyoni mirongo itanu (50.000.000fbu) kuko ryavuye ku mafaranga angana n’imiliyoni mirongo icenda ( 90.000.000fbu).

Mw’ijambo ryiwe, uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi, yamenyesheje ko bashimira cane ishirahamwe Lumitel Burundi ku kuntu iriko iritanga mu guteza imbere umupira w’amaguru mu Burundi, na cane cane umugwi nserukiragihugu. Agahamagarira abandi bagwizatunga nabo gushigikira ingabirano z’abana b’Uburundi, mu guteza imbere umupira w’Uburundi.

Mukamenya ko ano masezerano araba gusa umugwi nserukiragihugu w’abasore , mu kuwufasha gutegura inkino mpuzamakungu na cane cane ihiganwa rya Afrika ry’imigwi nserukiragihugu rizobera muri Cameroun  mu mwaka w’2019.

6,821 total views, 0 views today

Add Comment