Scroll to Top

Abarundi batari bake ngo ntibazi ko iyo ndwara ibaho

By La Rédaction / Published on Tuesday, 13 Feb 2018 07:08 AM / /
                      Muganga Innocent Nkurunziza arongoye igisata kijejwe indwara zitandukira

Igenekerezo rya 12 Ruhuhuma uko umwaka utashe harahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’intandara. Uwu mwaka, uwo musi mukuru waraye uhimbajwe kw’isi mu gihe mu Burundi hakiriho ikibazo kijanye no kuronka imiti ivura iyo ndwara.

Kubwa Jean Pierre Nshimirimana aserukira imbere y’amategeko ikigo citaho kurwanya indwara y’intandara, ngo iyo miti nka yose iva mu mahanga ndetse ngo ikaba inazimvye cane kugira ngo ishikanwe aha i wacu. Eka n’abarundi batari bake ngo ntibazi y’uko iyo ndwara ibaho.

Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bamenyesha ko uwo musi mukuru atawo bahimbaje. Muganga Innocent Nkurunziza arongoye igisata kijejwe indwara zitandukira, “maladies chroniques” mu kinyamazuru, bamenyesha ko iyo ndwara bayifatira hamwe n’indwara zo mu mutwe. Ikindi ngo nuko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bufise umugambi wo gushigikira abarwayi b’intandara mu kuvura iyo ndwara mu gihugu cose.

7,164 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi

Add Comment