Scroll to Top

Claude Birumushahu mu bahagarikizi baronderwamwo abazohagarikira igikombe c’isi.

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 13 Feb 2018 11:15 AM / /

Mu gihe hasigaye amezi agera kuri ane gusa ngo igikombe c ‘isi mu mupira w’amaguru ngo gitangure mu gihugu c’Uburusiya , abahagarikizi bo muri Afrika bagiye gutorwamwo abazohagarikira ico gikombe bamenyekanye. Muri urwo rutonde hakaba harimwo umuhagarikizi wo ku ruhande Birumushahu Claude wa hano mu Burundi.  

Abahagarikizi bo hagati mu kibuga bagera kuri batandatu, abo ku ruhande icumi na babiri, nibo batowe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, kugira ngo haze havemwo abazoserukira umugabane wa Afrika.

Akarere ka CECAFA, Uburundi buhereyemwo kakaba gaserukiwe n’abahagarikizi bane harimwo Tessema Weyesa Bamlak ( Ethiopia), Mark Ssonko ( Uganda), Range Marwa( Kenya), J Claude Birumushahu ( Burundi).

Muri rusangi Arika yose abahagarikzi batowe mu bandi ngo basobanurwe :

Abo hagati mu kibuga ; Grisha Ghead (Egypt), Abid Charef Mehdi (Algeria), Sikazwe Janny (Zambia), Tessema Weyesa Bamlak (Ethiopia), Gassama Bakary Papa (Gambia), Diedhiou Malang (Senegal) 

Abo kumpande z’ikibuga: Etchiali Abdelhak (Algeria), Hmila Anouar (Tunisia), Camara Djibril (Senegal), Samba El Hadji Malick (Senegal), Birumushahu Jean Claude (Burundi), Range Marwa (Kenya), Achik Redouane (Morocco), Ahmed Waleed (Sudan), Dos Santos Jerson Emiliano (Angola), Siwela Zakhele Thusi (S. Africa), Safari Olivier (I. Coast), Ssonko Mark (Uganda).

J claude Birumushahu akaba amaze guhagarikira inkino mpuzamakungu nyinshi cane, kuva mu mwaka w’2004, aho yahabwa uruhusha rw’ukuba umuhagarikizi mpuzamakungu. Amaze guhagarikira ihiganwa rya Afrika ku migwi nserukirabihugu CAN ku ncuro zine.  inkino zibiri z’igikombe  c’isi   mu mwaka w’2014 muri Brezil, tutibagiye inkino z’igikombe ca Confederation zabereye mu bu Rusiya mu mwaka uheze wa 2017.

 

6,916 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment