Scroll to Top

Hakizimana Vianney yamaze gusinya muri Bugesera Fc.

By Radjabu Bosingwa / Published on Tuesday, 13 Feb 2018 12:34 PM / /

Amakuru ahejeje kudushikiira ubu nyene n’uko uwahoze ari umukinyi w’inyuma wa kera wa Vital’o FC , Hakizimana Vianney yamaze gusinya muri Bugesera Fc.

Hakizimana Vianney benshi bazi kw’izina rya Okocha akaba asanzwe akina inyuma ku ruhande rw’ibubanfu yamaze gusinya amezi 6 yo gukinira umugwi Bugesera FC wo mu gihugu c’Urwanda,  akaba azokina igice ca kabiri c’ihiganwa ryo mu Rwanda bita ( phase retour).

Hakizimana Vianney okocha  agiye muri  Bugesera Fc asanze abandi bakinyi b’abarundi nka Steve Nzigamasabo, Nimubona Emery, Nininahazwe Fabrice Messi, Hussein hamwe na Bukebuke Yannick.

Uno musore akaba yakiniye imigwi ya hano iwacu nka Metalco Fc, Les Guepiers du Lac , Flambeau de l’Est , Buja City , Nile Olympic hamwe na Vital’o Fc muri kino gihe akaba agiye gukinira umugwi wa Bugesera Fc.

8,304 total views, 0 views today

Add Comment