Scroll to Top

Rayon Sports- Musanze : Abakinyi b’abarundi bigenjeje neza.

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 14 Feb 2018 14:37 PM / /

Hari ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu, isaha y’icenda n’igice ku ibuga c’i Kigali ( Nyamirambo Stadium), niho umugwi wa Rayon Sports wari wakiriye Musanze Fc ku rukino rw ‘ikirarane rw’indwi ya y’umunani.

Urwo rukino rukaba rwarangiye Rayon Sports itsinze Musanze ibitsindo (3-2). Musanze FC    niyo yatanguye gutsinda igitsindo ca mbere ifashijwe n’umusatirizi wabo Bokota labama ku munota wa gatanu.  Manishimwe Djabel arakigombora ku munota w’icenda  w’urukino,  ntivyatevye gato Kwizera P ierrot yari kizigenza  u ruhande rwa Rayon Sports  muri urwo rukino aca yongeramwo igitsindo ca kabiri ku munota wa 29.

Igice ca mbere kirangira Rayon Sports iri kw’isonga y’ibitsindo bibiri kuri kimwe mu gice cakabiri Musanze Fc yarondeye igitsondo co kunganya ku munota wa 58 irakironka iciye ku musatirizi w’umurundi ariwe Franck Barirengako bica biba ari bibiri ku bindi.   Kwizera Pierrot ku munota wa 93 yinjiza igitsindo ca 3 biba ibitsinso bitatu kuri bibiri.

Mu kibukako Hussein shabani Tchabalala ntarekuwe gukina mu gice ca mbere bivanye n’uko yari amaze gukina mu mugwi Amagaju Fc akaba yemerewe gukina mu gice co gusubiriza c’ihiganwa bita ( Retour ).

5,335 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment