Scroll to Top

Ibiriko biravurwa bishobora gutandukanya Lolilo na Loliane

By KING YANN COOL / Published on Monday, 19 Feb 2018 11:49 AM / /

Ubuzima ngo buracari bwabundi ariko ngo ibiriko biravurwa bishobora gutuma bihinduka.

Ibiriko biravurwa nka hamwe bibaye arivyo ngo ntaco vyomubwira kuko vyoba ari ibisanzwe. Ivyo vyashikirijwe na Loliane aho yaganira na Indundi Magazine.

Muri ico kiyago, uwo muririmvyikazi akaba n’umutambukanyi w’igihangange Lolilo yatubwiye ko gushika ubu, ngo mu buzima bwiwe ata kirahinduka, ngo yibereye no mu rugo asanzwe abanamwo na se w’umwana wiwe.

Iyo nkuru igize imisi iriko irakwirakwizwa hirya no hino ngo ntaco ayiziko Loliane, ariko akemeza ko ata kanyamuneza ibiriko biravurwa bitanga.

Ingabire abajijwe ico yobwira ababwira abavyanditse, We avuga ko abarundi bagoye, ico bashoye ari ukurementanya ariko ivyiza batazi kubivuga.

Ikibabaje nuko Loliane avuga ko ibiriko biravurwa bishobora gutuma uwo muryango ngo usambuka. Ivyo akabivuga afatiye ko bishobora kubaremera noneho bagafitamwo gutandukana.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe hariko havurwa ko be na Lolilo boba batakirabana ryiza, ahubwo ngo Lolilo yasubiranye na Chanelle. Nayo Rodrigue we ngo ariko yimyiza ibamfu.

Sponsored

5,962 total views, 0 views today

Add Comment