Scroll to Top

Ipfungwa ry’umwe muribo ryatumye bahagarika imirimo yabo

By Janvier Nzokurigomba / Published on Monday, 19 Feb 2018 12:38 PM / /

Mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 19 Ruhuhuma, abasanzwe bunguruza abantu n’ibintu bakoresheje ingendeshwa bafata ibarabara rya Bujumbura-Bubanza bazindutse bahagarika imirimo yabo biturutse kuri umwe muribo yaheruka gufatwa maze ajanwa mu gasho yagirizwa gutoza igiciro kirenze icashinzwe na Reta ifadikanije n’ishirahamwe ryunguruza abantu n’ibintu ATRABU mu mpfunyapfunyo y’ikinyamazuru.

Kubwa Yohani Bosiko Minani asanzwe aserukira¬†imbere y’amategeko iryo shirahamwe ATRABU, abo bunguruza abantu n’ibintu bamenyesha ko baduza ibiciro vy’ukwiyunguruza bivanye n’uko ngo nabo barihishwa amafaranga y’umurengera agizwe n’ikibanza c’uguhagarikamwo ingendeshwa i Bubanza (frais de stationnement) hamwe n’intererano y’iterambere rya komine Mpanda, bakabona ko babandanije barihisha igiciro cashinzwe na Reta hamwe n’ishirahamwe ATRABU ko batoheza ngo hagire akunguko nabo baronka.

Inyuma y’ukuganira n’abo basanzwe bunguruza abantu n’ibintu, Yohani Bosiko Minani yabemereye ko agiye kuvugana n’ubuyobozi bw’intara ya Bubanza kuri ico kibazo c’ayo mafaranga bavuga ko barihishwa. Nayo ku kibazo c’ibiciro vy’ukwiyunguruza, Minani yabasavye gukurikiza uko bitegekanijwe nayo uwudashaka kubikurikiza ahindure aho akorera canke ahindure akazi.

Abo basanzwe bunguruza abantu n’ibintu bakoresheje imiduga bakaba bahavuye basubira ku mirimo yabo inyuma y’aho umwe muribo yari yapfunzwe arekuriwe.

5,860 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi societe

Add Comment