Scroll to Top

FIFA-U17: Abagenduzi ba FIFA bagiye kugendera igihugu c’Urwanda.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 19 Feb 2018 12:06 PM / /

Igihugu c’Urwandakigiye kwakira abagenduzi b’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, mu ntumbero y’ukuraba nimba ico gihugu gikwije ivyangombwa ngo cakire inkino z’igikombe c’isi ku batarenza imyaka 17 kizoba mu mwaka w’2019. 

Amakuru  ava mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, amenyesha ko akanama kagizwe n’abagabo babiri, aribo :  Oliver Vogt na  Christian Schmölzer basanzwe bajejwe itegurwa ry’inkino z’abakiri bato muri FIFA, kitezwe mu gisagara ca Kigali kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 20 Ruhuhuma.

Bano bagenduzi bagiye kumara iminsi igera kuri ine ( 21-24  Ruhuhuma), bagendura uturere twa   Kigali , Bugesera , Huye , Muhanga , Musanze na  Rubavu , aho bazoraba ibibuga, amahoteli n’ibindi bijana n’ugutegura inkino mpuzamakungu nk’igikombe c’isi.

Urwanda rukaba rumaze  gutunganya ibikombe  bibiri bikomeye ku mugabane wa Afrika, mu mwaka wa 2009 ico gihugu catunganije igikombe ca Afrika ku batarenza imyaka 10, mu mwaka wa 2011 naho batunganya igikombe ca Afrika ku batarenza imyaka 17.

6,015 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment