Scroll to Top

Iry Tina arababazwa n’urwanko rubarangwamwo

By KING YANN COOL / Published on Monday, 19 Feb 2018 13:28 PM / /

Urwanko ruri mu Muziki ndundi cane cane mu baririmvyi ngo rurababaza cane umuririmvyikazi Iry Tina.

Mu gihe yari mu kiganiro Ku nsamirizi Buja Fm, Iry Tina mu gice bita Tic Tac, yabajijwe mu bijanye uko abona umuziki ndundi.

Uwo muririmvyikazi abarizwa cane mu gihugu c’ubugande aho yabazwa ikimubabaza mu muziko ndundi, yavuze ko ikimubabaza gusumba ari urwanko rurangwa mu Muziki ndundi.

Umumenyeshamakuru yamubajije nimba afise ivyemezo vy’uko hariho urwo rwanko yavuze. Yabanje guhigimanga gato ariko avuga ko abifise.

Urwo rwanko umwanditsi wa Bad Mind avuga ngo rurangwa hagati y’abaririmvyi.

Mwokwibuka ko uwo muririmvyikazi yigeze kuvuga ko hari bamwe muri bagenziwe basangiye umwuga bari bafadikanije na bimwe mu binyamakuru I bugande mu kumucafuza.

Sponsored

9,955 total views, 0 views today

Add Comment