Scroll to Top

Abarundi barenga imiriyoni 5 ngo nibo biyandikishije kugira bazokwitabe amatora yimirije

By La Rédaction / Published on Tuesday, 20 Feb 2018 03:01 AM / /

Abarundi bagera ku miriyoni 5 800.842 nibo biyandikishije ngo bazokwitabe amatora yimirije.

                            Petero Claver Ndayicariye, umukuru w’umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI

Ivyo ni ivyaraye bishikirijwe na Petero Claver Ndayicariye asanzwe aramutswa umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI mu mpfunyapfunyo y’ikinyamazuru inyuma y’aho ikiringo c’ukwiyandikisha cari catanzwe kirangiriye.

Petero Claver Ndayicariye arongoye umurwi CENI yamenyesheje kandi ko ibitigiri vy’abashooye kwiyandikisha bishimishije aho ngo hashoboye kuboneka ibice 112,01 kw’ijana vy’abari bategekanijwe kwandikwa, ivyo ngo bikaba vyatumwe n’uko abategetsi bakuru b’igihugu, abarongoye imigambwe, abarongoye amadini n’amashirahamwe atandukanye bafashije cane mu guhimiriza abarundi ngo biyandikishe ku bwinshi hamwe rero n’ababa mu mahanga bitabiriye cane ako kamo batewe.

Uwo arongoye umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI akaba yaciye aboneraho guhamagarira abarundi bose kubika neza agapapuro baronkejwe umusi wo kwiyandikisha kuko ariko kazoheza kakabafasha mu kuronswa ikarata y’amatora.

Yaboneyeho kandi kumenyesha ko uburyo bwakoreshejwe mw’iyandikwa ry’abazokwitabira amatora ryabaye hagati y’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma gushika kuwa 17 Ruhuhuma uwu mwaka ko bwatanzwe na Reta y’Uburundi ubwayo.

2,264 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment